Mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma 2022, umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru w’abakenyezi wararonse itike yo kuja mw’ihiganwa rya Afrika uhejeje gutsinda umurwi wo muri Djibouti. Kuja mu nkino za nyuma muri iryo higanwa rya Afrika akaba ari bwo bwa mbere bibaye ku murwi w’umupira w’amaguru w’abakenyezi mu Burundi Intamba. None hari ico vyungura kw’iteka ry’abakenyezi canke ry’igihugu ?
Amakuru
15 mars 2022
