Société
19 octobre 2021

Kw’Īsôko : Leta ni yiyubare ntihavugwe ibiturire mw’itangwa ry’incanco

Ku munsi wa kane, niho Uburundi bwakira incanco za Corona zishika ibihumbi 500 ziturutse mu Bushinwa, igihugu kikaba citeze izindi mu minsi iza. Ariko mu gihe bamwe bavuga ko izo ncanco zitazoronka abaziteza kuko leta ata sekeza yagize ryo guhimiriza abanyagihugu, ishirahamwe OLUCOME ribona ko hazobamwo ibiturire mu kuzitanga.