Amakuru
21 juin 2022

Kw’Īsôko: Ingingo yo kwugara amashure amwe amwe atubahiriza ibisabwa

Inama nshikiranganji yakoranye kw’igenekerezo rya 01 Ruheshi yasavye kwugara guhera ku mwaka w’ishure w’2022 ushira uw’2023 amashure nshingiro n’ay’inyuma y’ishure nshingiro yuguruye ibikorwa atabirekuriwe canke arangwamwo ukutubahiriza amategeko mu gisata c’indero mu Burundi. Ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo rizotuma haduka ukutumvikana hagati y’abanyeshure na bene amashure.
Uruhara rwa mbere muri ico kibazo rwoba ari urwa nde ?
Ni iki cokorwa kugira izo ngorane ntizizosubire muri kazoza ?