Amakuru
29 novembre 2021

Kw’Īsôko : Ingaruka zo kurenza urugero rw’ifumbire kw’isi ndimwa

Kuva itangura gukoreshwa mu mirima mu 2019, abahinga muvy’uburimyi baravuze ko ivyigwa bitigeze birangira kugira ngo haboneke ifumbire ikwije ivyangombwa. Bamwe mu bahinga, baheruka kuvuga ko ifumbire ihingurwa n’uruganda FOMI ikoreshwa nabi mu mirima y’abanyagihugu, bagashimikira cane cane ku rugero runini rw’iyo fumbire rusukwa muri iyo mirima.