Amakuru
10 mai 2022

Kw’Īsôko : Impfuvyi za SIDA, ziri mu bantu bo kwitabwaho mu Burundi

Igenekerezo ry’07 Rusama ni umunsi mpuzamakungu wahariwe abagizwe impfuvyi n’umugera wa SIDA. Uwo munsi ukaba ari uwo kuvugira no gutabariza ibibondo bisigwa ku ngoyi n’abahitanywe n’ico kiza, kenshi na kenshi kijaniranya abubakanye. Ibiharuro bitangwa n’igisata c’Ishirahamwe mpuzamakungu kijejwe kurwanya ikiza c’umugera wa SIDA, vyerekana ko mu Burundi hari abana bagizwe impfuvyi n’ico kiza bagera ku 73000 gushika mu mwaka w’2020.

Abo bana boba bamerewe gute uno munsi ?

Boba bitabwaho uko bikwiye mu kibano ?

Ni uruhe ruhara rwa leta mu kubakurikirana ?