Société
15 novembre 2021

Kw’Īsôko : Ikibazo c’ukurangura hanze igitoro gikoreshwa mu Burundi

Ikena ry’igitoro rimaze imyaka itari mike riguma ryisubiriza mu Burundi. Muri kino gihe, ico gitoro kiboneka isorosoro mu mihingo itandukanye. Amasoko ya magendo nayo agaca agitanga ku giciro c’umurengera. Bamwe mu Barundi bakwirikiranira hafi ivy’ubuzima bw’igihugu bakavuga ko imwe mu nyishu ari uko ico gitoro coza kiracishwa mu nzira y’amazi kugira gishikanwe mu Burundi.