Amakuru
10 avril 2024

Igabanuka ry’ubumenyi muri kaminuza ntiryobazwa abarimu ba kaminuza (L. Ntibashirakandi)

Mw’ikoraniro ry’igisabisho ciswe National prayer breakfast cabaye kw’igenekerezo rya 26 Ntwarante 2024 mu bigo vy’Inama nshingamateka y’Uburundi, umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yaraneguye ku mugaragaro abakozi biyumvira guhagarika imirimo yabo, cane cane abakozi ba Kaminuza y’Uburundi.

Abo bakozi bari bamenyesheje mu mpera z’umwaka w’2023 ko bashobora guhagarika imirimo kugira bishuze amafaranga leta ibaheraniye.