Amakuru
17 mai 2022

Kw’Īsôko : Haribonekeza impunzi z’Abarundi nshasha mw’ikambi ya Nakivale

Bababa hafi 200 bariko barasaba ubuhungiro, abo ni Abarundi bashitse mu gihugu c’Ubuganda mw’ikambi ya Nakivale kuva mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza. N’aho leta y’Uburundi idasiba guhamagarira Abarundi bahunze gutahuka, iyo kambi irabandanya kwakira Abarundi bahunze, nk’uko babivuga, amabi atandukanye bakorerwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
Hokorwa iki kugira ngo umurindi w’ababandanya bahunga uhagarare maze n’abahunze bahunguke ?