Société
3 novembre 2021

Kw’Īsôko : Bamwe mu mpunzi z’Abarundi bariga umwuga wo gukinjika mu kigo Maison Shalom

Mu 2018 bagitangura kwigisha ivyo gukinjika, hari abanyeshure 35. Ubu abanyeshure 45 biga uwo mwuga mu kigo Oasis of Peace c’ishirahamwe Maison Shalom i Kigali mu gihugu c’Urwanda. Abo banyeshure bose hamwe bagizwe n’impunzi z’Abarundi, Abanyecongo hamwe n’abanyagihugu b’Abanyarwanda.