Amakuru
15 octobre 2021

Kwisanzura mu kuvuga ukuri vyofasha kugira igihugu kironke indongozi nyazo

Abategetsi b’igihugu bategerezwa kuba bafise abahanuzi bababwiza ukuri harimwo n’ibitagenda neza, ha kugira ababakomera amashi gusa. Iyo ni impanuro ya patiri Félix Fupi, arongoye cathédrale Regina Mundi. Yabivuze ku munsi wa gatatu itariki 13 Gitugutu mu misa y’imyaka 60 iheze umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe. Kubw’uwo mu patiri, ngo abahanuzi babi bica igihugu cose.