Amakuru
5 avril 2023

Kwimurira ahandi Abanyagatumba, ni yo nyishu yonyene yo kubakiza imyuzurira y’urutavanako ya Rusizi

Abanyagihugu bo mu bice vya Gatumba bama batewe n’amazi y’uruzi rwa Rusizi bategerezwa kwimurwa ubutagaruka kugira ico kibazo gihere burundu. Amazi y’urwo ruzi arengera inkombe kubera ivyondo bizanwa n’isegenya ry’imvura kubera imisozi y’ibihugu 3 bisangiye urwo ruzi itakingiwe mu gutera ibiti n’ivyatsi. Bivugwa na Mamert Sabushimike, akwirikiranira hafi ibibazo vy’ibidukikije mu Burundi. Aho ni inyuma y’aho ayo mazi ya Rusizi asubiriye gusesa agatera imihana y’Abanyagatumba ku wa kabiri uheze, ubu bakaba bari mu buzima bugoye cane.