Amakuru
18 juillet 2023

Nta terambere rishoboka ahatubahirijwe ibidukikije

Birihutirwa ko ubushikiranganji bw’Ibidukikije bunagura amashamba asanzwe ahari kuko biboneka ko ariko aratituka, gutyo agakingirwa hakanakingirwa ibinyabuzima biyarimwo. Ivyo bikaba biri mw’ikete Ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije ryandikiye umushikiranganji w’Ibidukikije kuri uyu wa mbere. Mamert Sabushimike arirongoye asaba leta gushiraho ingingo ruhasha zo gukingira ayo mashamba no gusubizaho imbibe zari zihari imbere y’urwimo rwo mu 1993. Ikindi abona ko cofasha ni uko leta yotegura itegeko ryubahiriza ibibanza bikingiwe vyaba ivyo ku nkengera y’imisozi canke mu yandi mashamba.