Amakuru
24 juin 2024

Kwica no gutoteza abahungutse bitera ubwoba abasigaye mu buhungiro bikababuza guhunguka (CBDH/VICAR)

Umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi wahimbajwe hari Abarundi benshi bahungiye hirya no hino kw’isi, abenshi bakaba bahungiye mu bihugu bibanyi. Mu biharuro bitangwa n’igisata ca ONU citaho impunzi kw’isi HCR, impunzi z’Abarundi ziri mu bihugu bibanyi ni 282 873. Muri bo 112 291 bari mu gihugu ca Tanzaniya, 48 486 bari mu Rwanda, 49 849 muri Congo, 40 326 muri Ouganda, na yo muri Kenya hakaba 31 916. Leta y’Uburundi itera akamo Abarundi bahunze guhunguka.

Mbega ako kamo kakirwa gute na bamwe mu Barundi bahunze ?