Amakuru
29 juin 2024

Kwakira amashikanwa i Mwaro : amagorwa y’Abarundi nta co abwiye Ndayishimiye (F. Bamvuginyumvira)

Igikorwa co kwegeranya ivyimburwa n’ayandi matungo vyo gushikanira umukuru w’Igihugu mu birori bitandukanye vyerekana ko ubutegetsi buhari uyu munsi bwipfuza ko igihugu gisubira mu ntwaro ya cami aho abanyagihugu bategerezwa gushengera kugira bimenyekanishe i Bwami. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rwa politike CFOR-Arusha, akabona ko umukuru w’Igihugu aba afise intumbero yo kuraba abamuyoboka kugira abahe ibibanza mu kazi ka leta agaba, ataravye ko babishoboye canke ari abantu bafise ubuntu. Bamvuginyumvira abona ko iyo nyifato yataye igihe, kubera intwaro ya cami yasubirijwe n’intwaro rusangi. Agasaba umukuru w’Igihugu guhindura iyo nyifato na cane cane kubera asanzwe azi ko abanyagihugu babayeho mu buzima bugoye, bugarijwe n’ubukene butagira izina bamazemwo imyaka.