Amakuru
6 mai 2023

Kuvugira Bunyoni si ukuvugira umuntu ku giti ciwe. Ahubwo ni uguhagararira agateka ka zina muntu

Abagwanira agateka ka zina muntu bari mu buhungiro baharanira ko leta yubahiriza abanyagihugu, yubahiriza agateka ka zina muntu, ikubahiriza amategeko. Ntibavugira umuntu ku giti ciwe. Ivyo ni ibivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Kuri we, ngo abadatahura abadaharanira ivyicaro vya politike barwaniye agateka k’umuryango wa Alain Guillaume Bunyoni, ni uko bari mu yindi ntumbero atari iy’igihugu. Yishura ku bibazo vya Innocent Muhozi, umuyobozi wa Télévision Renaissance.