Amakuru
7 mai 2024

Kuvuga ko mu Burundi ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwateye imbere ntigutahuritse (I. Muhozi)

Ku wa 03 Rusama, isi yose yarahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. N’aho Uburundi buboneka ko bwateye imbere ku rutonde rw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters sans frontière, abatari bake babona ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru butateye imbere mu gihugu muri kino gihe gipfunze abamenyeshamakuru babiri b’abakenyezi.