Amakuru
9 novembre 2022

Kuva ubu, nta n’umwe yemerewe kugurisha amata mu Kayokwe, yose azogurwa na koperative ya Kayokwe

Aborozi bo muri komine ya Kayokwe, mu ntara ya Mwaro bategekwa gushorera amata y’inka zabo muri koperative ya komine, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe na musitanteri. Iyo koperatve ikazogura ayo mata ku mafaranga 800 kw’ilitiro, mu gihe na yo izoza irayagurisha 1000 kw’ilitiro. Ku bwa Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC, uko ni uguhonyanga agateka k’abanyagihugu ko gutunganya uko bashaka umwimbu wabo. Akavuga ko ivyo vyibutsa ibigori biheruka kwononekarira mu bubiko bw’ikigo ANAGESSA. Vital Nshimirimana agahamagarira abategetsi kwubahiriza agateka k’abanyagihugu.