Amakuru
17 septembre 2022

Kuva ubu abamenyeshamakuru bategerezwa kwerekana ikarata ya CNC kugira bakore akazi kabo

Nta mumenyeshamakuru azosubira kwemererwa gukora akazi aterekanye ko yaronkejwe ikarata nshasha y’ikigo kijejwe gucungera ibimenyeshamakuru (CNC). Vyashikirijwe na Vestine Nahimana, arongoye ico kigo, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Iyo karata izoba irimwo amasezerano y’akazi kugira bakingire abakozi bakoreshwa ata masezerano bafise.