Amakuru
27 août 2022

Kuva mu kwezi kwa Mukakaro, abapfungwa baronka ibifungurwa bigoranye

Amabohero amwe yo mu Burundi arashobora kumara ukwezi kwose ataronse ifu y’ubugari canke ataronkejwe ibiharage, ari vyo bifungurwa vyonyene basanzwe baronswa. Abanyororo bakaba batabaza kuko kubura kimwe muri ivyo bibakorako cane mu gihe bica biba bike cane. Ku makuru dukesha bamwe mu baba mu mabohero ya Rutana na Ngozi, ni ho honyene bisa n’ibigendeka bemeza ko ivyo bifungurwa bakibironswa. Ni mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » gitegurwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA na Télévision Renaissance.