Amakuru
22 février 2021

Kurwanya abarya ibiturire ni urugamba rutoroshe kandi rwo kwamizako

Kurwanya abarya ibiturire ni urugamba rutoroshe kandi rwo kwamizako, ari naco gituma umukuru w’igihugu n’izindi nzego za leta zibijejwe zari zikwiye gukora ibishoboka kugira imigambi ya leta ishirwe mu ngiro ata gitsure. Ni intererano ya Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME, inyuma y’amakenga aherutse gushikirizwa n’umushikiranganji w’ibidukikije.