Amakuru
23 septembre 2022

Kurekura umushingwamanza Tony Germain Nkina kwoba ari ikimenyetso ko ibintu biriko birahinduka

Akandi kamo ko gusaba kurekura umushingwamanza Tony Germain Nkina. Gaterwa n’ishirahamwe Human Rights Watch rivunira akagohe abategetsi b’Uburundi ngo berekane koko ko bipfuza guhindura ibintu mu kumurekura. Ku bwa Clémentine de Montjoye, umushakashatsi muri iryo shirahamwe mu gisata ca Afrika, Tony Germain Nkina apfunzwe azira ubusa. Leta rero ikaba yoba yeretse abo bifitaniye imigenderanire ko ishaka gushira mu ngiro ivyo yiyemeza mu kumurekura.