Amakuru
23 mars 2023

Kuraba ko abana bose baronkejwe urucanco rw’indwara y’ubukangwe ni igikorwa ca leta

Leta ni yo yari ikwiye guhimiriza abavyeyi gucandagisha ibibondo kugira indwara y’ubukangwe ituzwe. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Abishikirije inyuma y’aho mu ndwi iheze leta y’Uburundi imenyeshereje ko indwara y’ubukangwe yabaye ikiza. Ariko Marie Louise Baricako akibutsa abavyeyi ko bokwibuka uruhara rwabo bakitwararika kuronsa ibibondo incanco zose zitegekanijwe.