Amakuru
27 février 2024

Kuraba intara mu gushira abanyeshure mu gisata c’ubuganga ni ukwihenda (L. Ntibashirakandi)

Itunganywa ry’ikibazo n’itorwa ry’abanyeshure binjira mu gisata c’ubuganga muri kaminuza y’Uburundi bizoza birakorwa hisunzwe intara kugira zose ziserukirwe. Ni bimwe mu vyapfunditse n’Inama nshikiranganji yakoranye ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma uyu mwaka, inyuma y’aho bibonekeye ko abanyeshure bo mu mashure yo mu gihugu hagati batiga ibijanye n’ubuganga co kimwe n’abo mu mashure yo mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo ngingo ya leta yoba izozana akarusho kaboneka mu gisata c’amagara y’abantu ?

Abahinga mu vy’indero babivugako iki ?