Amakuru
23 décembre 2022

Kugumiza mu munyororo Tony Germain Nkina kandi yarejejwe n’ubutungane biracapfuza igihugu

Kugumiza mu munyororo umushingwamaza Tony Germain Nkina kandi yarejejwe n’ubutungane vyerekana ko guhohotera abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bigikorwa. Bivugwa na Germain Rukuki, arongoye ishirahamwe ritabariza abaharanira agateka ka zina muntu bageramiwe, ESDDH. Germain Rukuki agakebura abategetsi ko bari bakwiye kwibuka ko ihonyangwa ry’amategeko nk’iryo ricapfuza igihugu maze bakarekura Tony Germain Nkina.