Amakuru
15 juillet 2024

Kugumiza Emilienne Sibomana mu munyororo kurahonyanga amategeko (J. C. Ntiburumunsi)

Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishure ryishumbuye rya Christ-Roi ku Mushasha mu ntara ya Gitega aherutse kurekurwa na Sentare y’iyungururizo ya Gitega ku wa 02 Mukakaro umwaka w’2024, ariko n’uno munsi ntaridegemvya inyuma y’indwi zibiri. Gishasha muri urwo rubanza camenyekanye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Mukakaro, aho ababuranira leta banse urubanza rwaciwe, baca bararwunguruza muri gasamburamanza.
None hoba hisunzwe ingingo izihe kugira Emilienne Sibomana abandanye apfunzwe kandi yarejejwe n’ubutungane ?
Amategeko ategekanya iki ?