Amakuru
29 novembre 2023

Kugabanya amanota yo kwinjira mu makaminuza ni ingingo mbi (Libérat Ntibashirakandi)

Abanyeshure 10 000 ni bo bategerezwa kwakirwa n’amakaminuza ya leta muri uyu mwaka w’ishure w’2023 ushira uw’2024. Abo banyeshure bakaba ari abakoze ikibazo ca leta co mu mwaka uheze w’2022 hamwe n’abakoze ic’uno mwaka w’2023. N’aho kaminuza y’Uburundi hamwe n’ishure nderabigisha ENS vyakiririye rimwe abategerezwa kwakirwa mu myaka ibiri, akamo ko kwiyandikisha ntikitabwe uko bikwiye. Hari ibisata bimwe bimwe bisa n’ivyabuze abanyeshure vyipfuza.

Mbega ubushikiranganji bw’Indero bwoba butegekanya iki kugira amakaminuza ya leta akwize ibitigiri ashoboye kwakira ?