Amakuru
26 novembre 2021

Kudoma urutoke ku bakora amabi afatiye ku gitsina ni kimwe mu vyotuma bihera

Igenekerezo rya 25 Munyonyo uko umwaka utashe, ni umusi mpuzamakungu wahariwe gutuza amabi agirirwa abigeme n’abakenyezi. Ni akaryo k’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS) gutuza amabi ashingiye ku gitsina. Uwo muhari ukaba watanguje isekeza ry’imisi 16 kuva kurI uyu wa 25 Munyonyo 2021 ryo kurwanya ayo mabi mu gusaba ko abayakorerwa batunganirizwa. Tubibwirwa n’umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye umuhari MFFPS.