Amakuru
21 juin 2024

Kuburabuza abakenyezi bavyara batubatse ni uguhohotera agateka ka zina muntu (umuhari Inamahoro)

Umuhari Inamahoro uriyamiriza agatotezo gakorerwa abigeme n’abakenyezi bibaruka batubatse mu mategeko. Ivyo biri muri bimwe mu mabi akorerwa abakenyezi afatiye ku gitsina. Uwo muhari ukiyamiriza kandi ivyaha babashirako kugira bakunde bafatwe nk’abanyavyaha, mu gihe bizwi ko icaha co kurenga ibigo kiba icaha mu gihe hagize uwitwara imbere y’abagabo canke ubutungane. Umuhari Inamahoro ubona ko ivyo ari ukwimonogoza kw’abatware mu guhohotera umurwi w’abantu kandi na bo bafise uburenganzira bwo kwishira no kwizana.