Amakuru
18 mars 2021

Kubona umukuru w’igihugu afata ingingo yo kurekura abanyororo ntije mu ngiro, vyerekana ko hariho ukutumvikana mu bagize Leta y’Uburundi

Kubona umukuru w’igihugu afata ingingo yo kurekura abanyororo ntije mu ngiro vyerekana ko hariho ukutumvikana mu bagize Leta y’Uburundi. Uwu mwihwezo ni uw’umunyepolitike Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB, uhuza abaharanira intwaro rusangi. Agashima kandi ko iyo ngingo yari ije hageze, naho yari yakumiriye abafunzwe ku mvo za politike.