Amakuru
11 juin 2021

Kubona Petero Nkurunziza yitwa imboneza mu gukunda igihugu birimwo amahinyu

Kubona Petero Nkurunziza yitwa imboneza mu gukunda igihugu ngo birimwo amahinyu. N’imiburiburi yovyitwa n’abo bari basangiye ivyiyumviro vya politike kuko hari abandi bavuga ko atabereye kuba imboneza yamaho mu gukunda igihugu bafatiye ku vyamuranze akiri ku butegetsi. Muganga Alphonse Rugambarara, yahoze ari umunyepolitike, agatanga akarorero ku vyavuzwe n’uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino imbere y’inama nshingamateka n’aho yabizize. Banciryanino akaba yari yavyiyamirije afatiye ku bwicanyi bwaranze intwaro ya Petero Nkurunziza.