Amakuru
23 septembre 2023

CVR ya Ndayicariye si yo yumvikanywe mu masezerano ya Arusha, ku bwa Alphonse Rugambarara

Leta irakwiye kwikubita agashi igashiraho umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi w’ukuri kuko uwuhari si vyo uriko urakora. Bivugwa na Dr Alphonse Rugambarara, ari mu bashize umukono ku masezerano ya Arusha. Abivuze inyuma y’icegeranyo catanzwe n’uwurongoye CVR mu Nama nshingamateka na nkenguzamateka. Rugambarara amenyesha ko CVR yumvikanyweko i Arusha atari iyo ihari.