Amakuru
8 novembre 2023

Uburundi buriko bwikwegera abansi mu kwivanga mu ntambara yo muri Congo (Alphonse Rugambarara)

Hamwe leta y’Uburundi yoba yiyemeje kudakurikiza ingingo za EAC hanyuma ikaja kurwanya M23 muri Congo, bizogira ingaruka mbi ku migenderanire y’Uburundi n’ibihugu vyo mu karere. Bivugwa na Alphonse Rugambarara, umushakashatsi kuri kahise k’Uburundi, akaba akurikiranira hafi ibibera mu karere ka EAC. Ahanura abategetsi b’Uburundi ko hamwe boba bagomba kwivanga mu vyo muri Congo bopfuma baja muri Kivu y’ubumanuko hasanzwe haba Abanyecongo b’Abarundi batari bake kugira babakingire.