Amakuru
7 avril 2023

Kubona ibitigiri vy’abantu bamugaye vyaragabanutse, ni kubera incanco

Incanco zamye ari zo zifasha kugira abanyagihugu babeho neza bafise amagara meza. Bivugwa na muganga Jean Claude Bigirimana, arongoye umugambi w’igihugu wo gucandaga. Hari mu birori vyo kuri uyu wa gatatu aho hariko hahimbazwa imyaka 75 iheze ishirahamwe mpuzamakungu OMS rikorera mu Burundi. Muganga Bigirimana akaba ahanura abavyeyi kudakwirikira ibintazi ku bijanye n’incaco. Akanibutsa ko muri iki gihe ata bagendana ubumuga benshi bahari kubera izo ncanco zagiye ziratangwa ku gihe.