Amakuru
22 février 2021

Kubera ibiganiro vyari bimaze iminsi bihuza abarongoye ikigo CNC n’iradiyo Bonesha FM, iyo radiyo iremerewe gusubira gukora

Ngo kubera ibiganiro vyari bimaze iminsi bihuza abarongoye ikigo kijejwe gucungera ibimenyeshamakuru CNC n’iradiyo RSF Bonesha FM, iyo radiyo iremerewe gusubira gukora.  Ivyo bikaba vyashikirijwe kuri uno wa mbere na Nestor Bankumukunzi arongoye ikigo CNC. Hakaba hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.