Amakuru
23 septembre 2023

Ku bw’umuhinga mu gusorongora imvugo, uwurongoye CVR akoresha imvugo y’abakoze ihonyabwoko

Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi w’igihugu wo kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi, akoresha imvugo yo gucanishamwo Abarundi. Bivugwa n’umuhinga mu gusorongora imvugo n’ibijanye n’ihonyabwoko. Dr Emmanuel Nkurunziza abivuze inyuma y’aho Ndayicariye amenyeshereje ko Abahutu bishe Abatutsi i Busangana mu 1965 babikoze kubera agashavu. Amwagiriza gukoresha imvugo isa n’iyitahura abishe Abatutsi.