Amakuru
22 janvier 2021

Joe Biden yaraye yimitswe mu mabanga y’umukuru wa Leta zunze ubumwe za Amerika

Joe Biden yaraye yimitswe mu mabanga y’umukuru wa Leta zunze ubumwe za Amerika. Agishikirizwa ayo mabanga, yaciye yerekana ubudasa hagati ya we n’uwo asubiriye, Donald Trump. Biden yaciye aho nyene ashira igikumu ku ngingo 17, nka zose zikaba zivuguruza ivyo Trump yari yashinze. Intumbero y’izo ngingo ikaba ariyo gusubira kwunga Abanyamerika.