Amakuru
9 mars 2023

Uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika arasabwa gusabira Clément Nkurunziza kuva mu munyororo

Uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi asabwa kugira ico akoze kugira Clément Nkurunziza apfunzwe imyaka itanu azira ubusa arekurwe. Yafatiwe muri Amerika mu mwaka w’2018 yagirizwa ko yagize uruhara mw’igandagurwa ry’abanyeshure b’Abahutu muri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995. Fondation Bene Burundi imenyesha ko ivyo yagirijwe ata shingiro bifise ari co gituma kubera uruhara ubuserukizi bwa Amerika bwagize mw’ifatwa rya Clément Nkurunziza, bwari bunakwiye kumuvugira.