Amakuru
21 septembre 2022

Iyugururwa ku wa gatanu mu Burundi ry’ihayanishwa rigira kabiri mu vy’ubukerarugendo mu karere

Uburundi bwiteguriye kwakira igice ca kabiri c’imurika-gurisha mu gisata c’ubukerarugendo mu karere. Kakazoba akaryo ku bakorera muri ico gisata ko kwerekana ico cose coshobora gukwega ingenzi. Bivugwa na Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo ubukerarugendo. Akaba yabivuze kuri uyu wa mbere inyuma y’inama yo kuraba aho imyiteguro yo kwakira ivyo bikorwa igeze.