Amakuru
30 janvier 2024

Iyugarwa ry’imbibe hagati y’Uburundi n’Urwanda rizogira ingaruka nyinshi mbi ku butunzi bw’Uburundi

Ingingo yo kwugara imipaka Uburundi buhana n’igihugu kibanyi c’Urwanda yafashwe n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi kw’igenekerezo rya 11 Nzero, iraremereye cane Abarundi. Ivyo ni ibishikirizwa na André Nikwigize, umuhinga mu vy’ubutunzi. Ku bwiwe, ngo izogira ingaruka mbi nyinshi ku Barundi. Abarundi bahora bashora ibidandazwa vyabo mu gihugu c’Urwanda co kimwe n’Abanyarwanda bahora bazana ibidandazwa mu Burundi, ngo vyari bitanguye kuzana icizere ku butunzi bw’Uburundi bwo kwisununura n’aho bitari bishemeye cane. Agasaba umukuru w’Igihugu kwisubirako agahagarika iyo ngingo ku neza y’abanyagihugu. Ni mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » gitegurwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA hamwe na Télévision Renaissance.