Amakuru
8 mars 2021

Iyubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi ritegerezwa kuraba cane cane abagabo

Iyubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi ritegerezwa kuraba cane cane abagabo, ngo kuko nibo bagacinyiza. Kubwa Eugène Nindorera, yahoze ari umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, iyo umukenyezi amerewe neza, umugabo niho amererwa neza, ngo kandi nta na kimwe cotuma agateka kiwe gahungabanywa.