Amakuru
21 avril 2023

Kubura intwaro ibereye mu bisata vyose vy’igihugu ni co kizingamitse Uburundi

Ingorane Uburundi bufise ni ukubura intwaro ibereye muri rusangi. Eugène Nindorera, yahoze ari umushikiranganji w’Agateka ka zina muntu, yabivugiye mu kiganiro yatangiye mu nama yabereye kuri kaminuza yo mu Bubiligi, Université libre de Bruxelles. Iyo nama yiga ku bijanye n’amasezerano y’amahoro ya Arusha yabaye ku minsi ya kane na gatanu ino ndwi. Eugène Nindorera yamenyesheje ko iyo amasezerano yo kunywanisha Abarundi ya Arusha aba yarubahirijwe, iyo ngorane itari kuba mu Burundi.