Amakuru
9 août 2022

Iyo umurwi ujejwe kwumvikanisha wagirijwe kuryanisha, ni gute ushika kw’ihangiro ?

Icibutso c’umusirikare atazwi nti cotegerejwe kwitwa ukwo. Kuko ni icibutso nyabuna ca capitaine Dodolin Kinyomvyi, yagandaguwe ku wa 29 Ndamukiza 1972 mu kibanza ca Micombero. Ku bwa Aloys Batungwanayo, umu komiseri w’umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR, ico cibutso cahinduriwe izina kubera imvo z’indyane zari zifatiye ku ntara. Ariko rero, ku ruhande rw’umuhinga mu bijanye n’ivyigwa vy’ihonyabwoko Emmanuel Nkurunziza, ayo majambo ya Batungwanayo nta yindi ntumbero afise atari ukuryanisha Abarundi yisunze intara n’ubwoko. Akabivuga mu gihe Emmanuel Nkurunziza we avuga ko ico cibutso ari ic’abasirikare bose bitangiye igihugu, atari ic’umusirikare umwe gusa.