Amakuru
4 mars 2022

Iyo impunzi yishwe, bija ku gihugu iba yarakiriwemwo

Janvier Bigirimana
Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwari bukwiye guhagarika gutoteza Abarundi b’impunzi bari muri ico gihugu. Bishikirizwa na Janvier Bigirimana, umushingwamanza akaba aharanira agateka ka zina muntu. Ni inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri impunzi y’Umurundi yo mw’ikambi ya Nduta yishwe ikubiswe amahiri n’igipolisi ca Tanzaniya, aho yariko igerageza guhungira mu gihugu ca Kenya n’umuryango wayo. Janvier Bigirimana agasaba ko abajejwe kwubahiriza amategeko muri ico gihugu bokora amatohoza bakanahana abakoze ubwo bwicanyi hisunzwe amategeko.