Amakuru
13 mai 2024

CNIDH yahindutse igikoresho co kunyegeza ubwicanyi bukorwa na CNDD-FDD (Me J. Bigirimana)

Bubaye ubwa kabiri, umurwi w’Igihugu wigenga uraba iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu CNIDH ukurwa mu kibanza c’iteka citwa A cagenewe imirwi yerekana ubwigenge bwayo mu guharanira agateka ka zina muntu. Kw’igenekerezo rya 08 Rusama uno mwaka, ni ho Urwego mpuzamakungu rujejwe kuraba uko imirwi y’ibihugu ijejwe agateka ka zina muntu yigenza rwashira CNIDH mu kibanza B cagenewe imirwi y’igihugu itamikwa ijambo n’ubutegetsi.