Amakuru
7 avril 2022

Iyo abategetsi babaye abadandaza, abo baserukira babaho gute ?

Abantu bari mu ntwaro mu Burundi bakwiye kureka kuja mu rudandazwa bakitwararika ibihanze igihugu. Bisabwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta. Hari kuri uyu wa mbere itariki 4 Ndamukiza aho ishirahamwe OLUCOME ryari riramutse ritanga icegeranyo c’amafaranga yanyurujwe mu mwaka w’2021. Uwo arongoye OLUCOME avuga ko benshi bari mu butegetsi bw’igihugu badashobora kurwanira inyungu rusangi mu gihe benshi muri bo ari abadandaza barajwe ishinga n’inyungu zabo.