Amakuru
13 juillet 2021

Ivyo Petero Nkurikiye avuga ni imvugo y’agashinyaguro

Umushingwamanza Armel Niyongere, umwe mu bahunze akaba kandi umwe mu bahawe imitahe ati ivyo Petero Nkurikiye avuga ngo ni imvugo y’agashinyaguro kuko ngo arazi neza ko ico Abarundi bahunze kitarahera mu gihe kandi ubutungane muri ico gihugu butigenga. Kuri we, ngo igihugu kirimwo amahoro nta wurinda guhamagarira impunzi ngo zitahuke.