Amakuru
19 mai 2022

Ivyo leta yagiriza Muganga Christophe Sahabo nta na hamwe biri mu gitabo mpanavyaha c’Uburundi

« Uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu », « ugutunganya nabi ibitaro Kira Hospital », ni bimwe mu vyaha umushikirizamanza wa Republika yagirije Muganga Christophe Sahabo. Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Rusama aho sentare yaca ifata ingingo yo gushira Muganga Sahabo mu munyororo mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Ariko ku bw’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB), iryo pfungwa riteye kubiri n’amategeko kubera ivyo vyaha yagirizwa bisanzwe bidategekanijwe mu gitabo mpanavyaha c’Uburundi.