Amakuru
14 septembre 2023

Ivyigwa vyerekanye ko Uburundi bushobora guhiganwa mw’isoko rusangi rya Afrika ZLECAF

Ibisata vy’uburimyi bw’ikawa, icayi, ivyamwa n’imboga ni ibisata bishobora guha amahirwe Uburundi kugira bushobore guhiganwa n’ibindi bihugu kw’isoko rusangi rya Afrika, ZLECAF. Umushikiranganji w’Ubudandaji yabimenyeshereje mu nama yo ku munsi wa mbere yari yatumiwemwo abakenyezi hamwe n’urwaruka bakora urudandazwa. Marie Chantal Nijimbere abona ko abarwizatunga b’Abarundi bakwiye kubimenya bakabikorerako.