Ikurwaho ry’ibihano Uburundi bwari bwafatiwe n’umuryango w’ibihugu vya Buraya mu mwaka w’2016 ntiryafatiye ku mpinduka nziza zabaye mu gisata c’agateka ka zina muntu. Hari bimwe mu vyakozwe vyiza mu mwaka w’2020 na 2021, aho harimwo irekurwa rya bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu, ariko sico cari gutuma ivyo bihano bivanwaho. Bivugwa na Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi (IDHB), mu kiganiro yahaye Télevision Renaissance inyuma y’aho hasohokeye iyo ngingo yo gukuraho ibihano ku Burundi.
Amakuru
11 février 2022