Amakuru
21 mars 2023

Itunganywa ribi ry’amasoko ya leta ni ryo nyamukuru rizingamitse ubutunzi bw’Uburundi

Mu bintu nyamukuru uyu munsi bituma ibintu bizimba kw’isoko, harimwo itunganywa ribi ry’amasoko ya leta atangwa kuri bamwe ata higanwa ribaye. Ivyo vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Hari kuri uyu wa kabiri, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Kandi akemeza ko iyo ngendo itariko irarwanywa ahubwo n’ubu ibandanya, agatanga akarorero k’ingene ishirahamwe PRESTIGE riherutse kuronswa isoko ry’ibitororo ata n’umwe bahiganywe. Ivyo bikaba vyiyongera kw’ishirahamwe FOMI ryahawe abantu ata higanwa na rimwe ribaye. Gabriel Rufyiri aradoma urutoke ku mazina y’abantu bama batowe ngo bahabwe ayo masoko bonyene.